Amakuru
7 juin 2022

Abakinyi b’Intamba mu rugamba baranezerejwe n’amanota baronse mu rukino rwabo n’umurwi wa Namibiya

Umurwi nserukiragihugu mu mupira w’amaguru Intamba mu rugamba waranejerejwe n’inota waronse mu mukino wawuhuje n’umurwi w’igihugu ca Namibiya. Bivugwa n’umumenyereza Jimmy Ndayizeye. Hari ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 04 Ruheshi. Akamenyesha ko Uburundi bugifise amahirwe yo kuzoronka itike ryo kuja mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika ryo mu 2023.