Amakuru
28 janvier 2023

Umurwi wigenga urakenewe mu gushumbusha abakozweko n’umuriro w’isoko nkuru

Imyaka cumi irarumanye kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 27 Nzero 2023 ata butungane buraba ku baburiye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura. Bishikirizwa n’ishirahamwe rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta. Gabriel Rufyiri, arongoye OLUCOME, akabona ko hakwiye kujaho umurwi wotunganiriza abanyagihugu isinzi ivyo vyago vyashize mu kangaratete. Akabona ko leta yari ikwiye gushiraho umurwi wigenga kugira ngo wige ingene ico kibazo c’iturirwa ry’isoko nkuru ya Bujumbura cotorerwa umuti.