Amakuru
28 juin 2023

Umurwi umenyereza abanonotsi ni wo utegerezwa gutora abahabwa uburyo bwo kwisununura

Igipfungu kiri mw’igenwa ry’abanonotsi bahabwa uburyo bwo kwisununura (bourse olympique) bikozwe n’umurwi w’igihugu ujejwe ivyo kunonora imitsi CNO, kiraraje ishinga bamwe bari muri uwo murwi. Akarorero ni Dieudonné Kwizera, ari mu murwi nshingwabikorwa wa CNO. Avuga ko abajejwe kumenyereza abanonotsi ari bo bonyene bategerezwa gutora abafise uburenganzira bwo kuronswa ubwo bushobozi. Yabivugiye mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri.