Amakuru
4 octobre 2023

Ishirahamwe ry’abanonotsi rigiye gutunganya ihiganwa mu kurondera abanonotsi bafise impano

Hagiye gutunganywa ihiganwa rizohuza abanonotsi ku rwego rw’igihugu rizoba kuri uyu wa 7 Gitugutu. Bimenyeshwa n’uwurongoye Ishirahamwe ry’abanonotsi mu Burundi. Dieudonné Kwizera amenyesha ko iryo higanwa ririko ritunganywa n’iryo shirahamwe mu ntumbero yo kurondera abanonotsi bakiri bato bafise impano zo gushobora guhiganwa ku rwego rwo hejuru.