Amakuru
30 juin 2023

Francine Niyonsaba akeneye gushigikirwa mu kurwanya akarenganyo ariko arakorerwa

Hari ikete ryanditswe n’Umurwi w’igihugu ujejwe kunonora imitsi kuri Francine Niyonsaba rishavuje bamwe mu bagize uwo murwi. Akarorero ni nka Dieudonné Kwizera, batazira Muvuduka, aserukira ishirahamwe mpuzamakungu ry’ukunonora imitsi. Iryo kete, ryanditswe n’uwurongoye CNO, rivuga ko uwo munonotsi arwaye kandi kugira ashobore kuja mu mahiganwa mpuzamakungu ategerezwa kubanza gufata imiti. Ivyo ngo si vyo na mamba, nk’uko Dieudonné Kwizera abivuga. Ku bwiwe ngo ni akamaramaza kubona Francine avugwa gutyo. We abona ko Francine ahubwo akeneye gushigikirwa no gufashwa mu ngwano arimwo yo kurenganurwa. Dieudonné Kwizera yabisiguye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa kane.