Amakuru
28 novembre 2023

Abarundi bategerezwa kumenya ko hari urwaruka rw’Uburundi ruteye imbere muri siporo (L. Nsekera)

Umunsi udasanzwe ku banonotsi b’Abarundi. Ku munsi w’Imana uheruka, abigenjeje neza uno mwaka barahawe udushimwe. Lydia Nsekera, arongoye umurwi w’abanonotsi mu gihugu, asigura ko abaronkejwe udushimwe ari 65 batahukanye imidari 100. Akavuga ko ivyo vyakozwe kugira batere intege abanonotsi, n’ibigo vy’abo banonotsi.