Ishirahamwe rirwanya ihonyabwoko AC-Génocide Canada ririyamiriza ibikorwa vy’umurwi ujejwe kuvugana ukuri n’ukunywanisha Abarundi CVR, uhakana nkana ivyabaye muri kahise, aho uwo murwi wemanga ko abarwanyi ba Mulele batumweko n’ubutegetsi bwa Micombero kugira bice Abarundi. Mu gusozera kwibuka ubwicanyi bwo mu 1972 hamwe n’igandagurwa ry’abanyeshure bo mw’iseminari y’i Buta, Dr Emmanuel Nkurunziza, yanonosoye ivyigwa vy’imvugo n’ibijanye n’ihonyabwoko, akaba n’umunyamabanga wa AC-Génocide Canada, abona ko iyo mvugo ari iy’ibiterasoni ku murwi uriko urondera kunywanisha Abarundi mu gihe leta ya Michel Micombero yari ifitaniye ubucuti bwiza na leta ya Mobutu Sese Seko. Ku bwa Dr Emmanuel Nkurunziza, ingendo y’uwo murwi ngo ntitangaje na gato, kuko usanzwe ukorera mu kwaha kwa leta.
Amakuru
3 mai 2023