Amakuru
25 décembre 2021

Umurwi CVR, igikoresho co kwihora c’umugambwe CNDD-FDD

Umurwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira ni igikoresho c’umugambwe uri ku butegetsi mu kwihora ku mvo za politike. Biri mw’itangazo ry’Urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi ahanwa n’amasentare mpuzamakungu (CAVIB) ryasohotse kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 Kigarama. Umushingwamanza Emmanuel Nkengurutse akavuga ko ari co gituma umurwi CVR ukoreshwa mu kwita izina ubwicanyi bwabaye kandi ata burenganzira wari ubifitiye.