Umurwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB ngo wategerezwa gushira imbere gutunganiriza abarundi bose yaba abahungutse, abahunze hagati mu gihugu, n’abasangwa. Bivugwa na Charles Nditije, arongoye umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi. Kuri we, ngo uwo murwi ntiwakoze neza ngo unywanishe abarundi mu gihe vyari mu bikorwa vyawo. Ivyo abivuga inyuma y’aho umurwi CNTB ufatiye ingingo yo kutongera kwakira ibindi birego inyuma y’itariki 13 Ntwarante 2021.
Journal
25 février 2021