Amakuru
5 janvier 2024

Ukwigungirako kw’abategetsi ni kwo gutuma Uburundi ari co gihugu ca mbere gikenye (Nditije)

Mu ndwi iheze, umushingamateka Neema Niyibitanga yarigaragaje bidasanzwe. Igihe bariko babaza ibibazo umushikiranganji w’Amasoko ntanganguvu, yasavye ko abashingamateka boronswa igituro c’aho banywesha igitoro bonyene. Ayo majambo akaba yaratangaje, aranababaza abatari bake, harimwo abatavuga rumwe na leta. Charles Nditije, arongoye umugambwe UPRONA mu buhungiro, avuga ko amajambo y’uwo mushingamateka yerekana neza ukwikunda kw’abarongoye igihugu. Afatiye ku turorero tutari duke, Charles Nditije avuga ko iyo ngendo isigura igituma Uburundi ari co gihugu ca mbere gikenye kw’isi.