Amakuru
24 mars 2022

Umunyagihugu wese arafise uburenganzira bwo gutunganya itongo ryiwe uko avyumva

Mu gihe umunyagihugu afise itongo yatoranye, yaguze canke yahawe na leta imweguriye itamutijije, arafise ububasha bwo gukoza ico ashaka iryo tongo ryiwe, akarima igice ikindi akakiraza. Bivugwa n’umushingwamaza Dieudonné Bashirahishize, inyuma y’aho buramatari w’intara ya Bururi amenyeshereje ko amatongo yose atarimwe mu ntara arongoye agiye kwakwa ba nyene yo agahabwa abandi. Uwo muhinga w’amategeko avuga ko ico leta ishobora gukora gusa ari kwereka abanyagihugu ukwo botunganya neza amatongo yabo.