Amakuru
8 juillet 2023

Amashirahamwe 19 aharanira agateka ka zina muntu aranegura inyifato y’intumwa z’Uburundi i Genève

Ingingo yafashwe n’intumwa za leta yo kwidohora mu nama yiga uko ibijanye n’agateka ka zina muntu vyifashe mu Burundi kw’igenekerezo rya 3 Mukakaro, ngo yerekana neza ko Uburundi butinya ababuvuguruza ku mabi abera mu gihugu. Bishikirizwa n’amashirahamwe 19 aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi mw’itangazo ayo mashirahamwe yashize ahabona kuri uyu wa kane. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize, kw’izina ry’ayo mashirahamwe, aributsa abategetsi b’Uburundi y’uko kutitaba ibikorwa nk’ivyo ata co bizofasha igihugu kugira gisohoke mu bibazo kirimwo. Agasaba kandi leta guhagarika intumbero yo kuburabuza abaharanira agateka ka zina muntu.