Amakuru
20 mai 2023

Umuntu umwe yaraye agandaguwe, uwundi aratemagurwa bamusiga asa n’uwapfuye muri komine Bururi

Ugutemesha abantu imipanga kurabandanya mu ntara ya Bururi. Hari umukenyezi yaraye atewe ku rugo iwe aratemagurwa n’imipanga ku musozi Mugozi, aho ni muri komine ya Bururi. Ivyo bibaye mu gihe hari uwundi muntu yatowe ikiziga muri zone Gasanda y’iyo komine ya Bururi.