Journal
30 mai 2023

Intara ya Bururi iracungishijwe ijisho n’ubutegetsi kubera ubwicanyi buhamaze iminsi

Abamaze iminsi bahungabanya umutekano mu ntara ya Bururi ni abashaka kwononera buramatari w’iyo ntara. Ariko umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi arahumuriza ko leta iriko irakora ibishoboka vyose kugira ifate abo bantu bose bamaze igihe bakora ubwicanyi. Martin Niteretse akaba yasavye abategetsi b’intara ya Bururi kuza barashengeza mu ntahe y’ikibiriraho uwo wese afashwe ariko arahungabanya umutekano w’abanyagihugu. Akaba yabishikirije mu nama yabaye ku wa gatanu uheze, aho abashikiranganji batatu bari bagendeye intara ya Bururi.