Amakuru
28 février 2022

Umunsi wahariwe umukenyezi ni akaryo keza ko kuraba iyubahirizwa ry’agateka k’umukenyezi

Mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi », uno munsi umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, ugaruka ku munsi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi aho wipfuza ko woba uw’akaryo ko kurabira hamwe ingene amateka n’iterambere ry’abakenyezi be n’inzego zibijejwe vyifashe, n’ingene zifasha abakenyezi n’abigeme kugira agateka kabo kisununure. Bivugwa na Jacqueline Habonimana, umwe mu bari muri uwo muhari. Umuhari Inamahoro urasaba leta gufata ingingo zishoboka zotuma umukenyezi aba inkingi y’iterambere rirama ntatahire kwama ari nk’igikoresho.