Amakuru
4 octobre 2022

Umuliyaridi w’amafaranga ni wo ugiye kwinjira mu kigega ca leta kubera imparati z’ubwato

Umuliyaridi w’amarundi, ni yo mafaranga agiye kuza arinjira ku mwaka mu kigega ca leta kuva mu 2023. Bivugwa na Jacques Bigirimana, umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe gutwara abantu n’ibintu biciye mu mazi no mu nzira y’indarayi. Avuga ko ayo mafaranga azoboneka biciye mu gikorwa co gutanga imparati n’impapuro ku bwato bwo kuroba kiriko kirakorwa.