Amakuru
30 avril 2024

Umugambwe FNL usaba ko abapfungiwe imvo za politike bapfungurwa (J. Bigirimana)

Leta y’Uburundi irakwiye gufata ingingo yo kurekura abapfunzwe ku mvo za politike bagirizwa kuba baragiye mu myiyerekano yo kurwanya ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Bisabwa na Jacques Bigirimana, arongoye umugambwe FNL. Hari ku munsi w’Imana uheruka, igihe yariko aragirisha inama abanywanyi biwe. Ku bwa Bigirimana, ivyo vyotuma hadasubira kuba abavuga nabi Uburundi.