Amakuru
19 avril 2024

Tanzaniya ikubagura impunzi z’Abarundi ifatikanije n’Uburundi (Nzabampema)

Akarere, Ubumwe bwa Afrika co kimwe na ONU bazobazwa amabi ariko akorerwa impunzi ziri muri Tanzaniya barorera ata co bakora. Ivyo biri mu vyo général Aloys Nzabampema abandanya avuga mu gihe yasoma itangazo uwo muhari waraye usohoye kugira unegure intwaro ya CNDD-FDD. Kuri we, ngo ako gatotezo gakorwa na leta ya Tanzaniya ibifashijwemwo n’iy’Uburundi, kugira izo mpunzi zitahe ku nguvu, kandi zishitse mu Burundi zica zicwa.