Amakuru
25 janvier 2024

Ingendo ya CENI nshasha itegerezwa gutandukana n’iyiheruka (Jacques Bigirimana)

Abazokwitoza bategerezwa kugira amahirwe amwe. Ico ni icipfuzo ca Jacques Bigirimana, arongoye umugambwe FNL. Asaba abajejwe intwaro guhindura ingendo ntibazokwigenze nk’uko bigenjeje mu matora aheruka. Ako kamo nyene anagatera umurwi mushasha ujejwe amatora CENI. Ariko rero akanegura ingene uwo murwi umaze gutangura ibikorwa vyawo kandi itegeko riwugenga ritarajaho. Jacques Bigirimana yabivuze ariko yishura ku bibazo vya bagenzi bacu bo kuri Télévision Isanganiro.