Amakuru
2 septembre 2021

Umukuru w’igihugu yategerezwa gutanga imihoho mu gihe ata bubasha afise bwo gufata ingingo

Amajambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu yidogera umushikirizamanza kizigenza wo mu Kayanza arateye isoni. Bivugwa na Emmanuel Ndereyimana, umuvugizi w’urunani CFOR-Arusha. Ngo hakwidoga, umukuru w’igihugu yari akwiye gufata ingingo. Hamwe naho umukuru w’igihugu ata bubasha bwo gufata ingingo afise, Emmanuel Ndereyimana amuhanura gutanga imihoho.