Amakuru
17 septembre 2021

Uguhindura ibintu ntibizova mu vyegeranyo vya ONU, bizova mu runani rw’Abarundi bose

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi barashima igikorwa c’umurwi wa ONU ujejwe amatohoza mu gushira ahabona amabi ariko arakorwa na leta. Ariko rero Abarundi bakwiye gutahura ko atari ivyo vyegeranyo bizotuma ibintu bihinduka mu Burundi, nyabuna hakwiye ibikorwa bikorewe hamwe mu runani rw’Abarundi bose bishobora gutuma ibintu bihinduka. Ivyo vyashikirijwe na Emmanuel Ndereyimana, umuvugizi w’urunani rwa politike rutavuga rumwe na leta CFOR-Arusha.