Amakuru
20 septembre 2021

Leta y’Uburundi irakwiye kwicarana n’abo batavuga rumwe kugira bashike ku mahoro arama

Umuti wo guhagarika ingorane n’ibibazo biri mu gihugu ni uko Abarundi bakwiye kwicara hamwe bakumvirizwa ku ngorane bafise. Ibi bishikirizwa na Emmanuel Ndereyimana, umunyamabanga nshingwabikorwa akaba n’umuvugizi w’urunani rw’abatavuga rumwe na leta CFOR-Arusha. Akabivuga afatiye ku bitero umuhari w’abarwanyi RED-TABARA uvuga ko wagize ku kibuga c’indege c’i Bujumbura mw’ijoro ry’umunsi wa gatandatu uheze. Kuri we, ngo leta irakwiye kwegera uwo muhari eka n’abanyepolitike batavuga rumwe nayo mu kurondera inyishu z’ingorane zihanze igihugu bidaciye mu gikenye.