Amakuru
19 avril 2023

Umukuru w’Igihugu yarahonyanze amategeko mu gusubiriza uwizewe n’Inama nshingamateka muri CNIDH

Itegeko ry’umukuru w’Igihugu rigena abagize umurwi mushasha w’Igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH) ryarasohotse kw’igenekerezo rya 03 Ndamukiza 2023. Igitangaje ni uko umwe mu bari bagize uwo murwi yari yatowe kuba umunyamabanga nshingwabikorwa wawo, akemezwa n’Inama nshingamateka mu kwezi kwa Nzero uno mwaka, yasubirijwe.
None umukuru w’Igihugu yoba yabikoze nkana ?
Amategeko yoba yararenzwe ni ayahe ?
Ni izihe ngaruka z’iyo ngingo ?