Amakuru
6 août 2021

Umukuru w’igihugu niwe wenyene ashobora guhagarika ubugizi bwa nabi bukorerwa abanywanyi ba CNL

Ata gikozwe, abarongoye umugambwe CNL ku rwego rw’amakomine n’intara barashobora guhonywa. Emmanuel Nkengurutse, yahoze ari umukenguzamateka, agatabaza umukuru w’igihugu guhagarika ako gatotezo kariko kagirirwa abo banywanyi ba CNL ata kindi bazira atari ukuba batari mu mugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi. Akibutsa Evariste Ndayishimiye ko yari akwiye kuba Sebarundi agatwara bose, ntatwarire umugambwe wiwe canke ubwoko bwiwe gusa.