Amakuru
27 août 2021

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye niwe arongoye abapfukamye mu nda ubutungane

Umugambwe CNL urababazwa n’amajambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu. Kubw’uyo mugambwe, ngo arazi neza ko nawe nyene yashikanywe ku butegetsi biciye mu busuma bw’amatora bwemejwe na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro. Kubwa Aimé Magera, aserukira umugambwe CNL ku mugabane wa Buraya, Evariste Ndayishimiye ngo ari mu karwi k’abategetsi baboheye amaboko i mugongo ubutungane kuva mu mwaka w’2005.