Amakuru
18 août 2023

Ibibazo biri mu mugambwe CNL biriko biterwa n’umugambwe CNDD-FDD wipfuza kuwuburabuza

Ubutegetsi bwa CNDD-FDD buriko burabandanya umugambi wo kuburabuza umugambwe CNL utavuga rumwe na bwo mu gutinya y’uko bwotakaza intsinzi mu matora yimirije. Ni ko bibonwa na Aimé Magera, aserukira umugambwe CNL ku mugabane wa Buraya. Ni inyuma y’aho haherutse kugenwa uwuramutswa umugambwe CNL habanje gukurwa Agathon Rwasa, bigakorwa n’umurwi w’abashingamateka cumi baherutse kwiyonkora kuri Rwasa hanyuma bagafutwa mu mugambwe. Aimé Magera arahumuriza ko uwo mugambi avuga ko uriko utegurwa na CNDD-FDD, utazogira ico ushitseko kuko abanywanyi ba CNL bashigikiye Agathon Rwasa n’inzego zose z’umugambwe.