Amakuru
9 février 2024

Ivyandiko binuka vyasanzwe aho Aimé Magera abika imodoka bifise imvo za politike (A. Magera)

Ibimenyetso vy’iterabwoba vyasanze Aimé Magera mu rugo iwe mu Bubirigi. Mu gitondo co ku munsi wa gatatu, uwo avugira umugambwe CNL i Buraya yavyutse asanga ibintu bidasomeka vyanditse ku bihome no ku modoka yiwe. Akavuga ko atamenye ivyo bakoresheje mu kuvyandika, ariko agakeka ko harimwo n’amazirantoke kubera umunuko wavyo. Aimé Magera akavuga ko ata nkeka ko imvo zavyo ari iza politike. Akaba yabivugiye mw’iradiyo Ijwi rya Amerika.