Amakuru
22 juillet 2021

Umukuru w’igihugu arakwiye kumenya gushira mu ngiro ivyo avuga

Umukuru w’igihugu ngo arakwiye kumenya gushira mu ngiro ivyo avuga. Ni akamo aterwa n’umuhari Inamaharo, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi ufatiye kw’ifungwa ridakurikije amategeko ryakorewe umupfasoni Christa Kaneza aho ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, akavuga ko akarenganyo gakorerwa abantu ari ikimenyetso kitabesha cerekana ko ubutungane butigenga.