Amakuru
28 mai 2024

Umukenyezi w’Umurundi ntahabwa agaciro kandi ari we nkingi y’iterambere (umuhari Inamahoro)

Abakenyezi mu Burundi ntibitabwaho kandi bafise uruhara rukomeye mu bikorwa vy’iterambere mu vy’ubutunzi. Uko ni kwo bishikirizwa na Jacqueline Habonimana, kw’izina ry’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, mu kiganiro « Agateka k’umukenyezi ». Uwo muhari ubona ko amategeko y’Uburundi yashizweho kugira acinyize umukenyezi gushika n’aho atagira uburenganzira bwo gutorana. Uwo muhari ugasaba abakenyezi bose guhaguruka kugira bahagararire agateka kabo.