Amakuru
9 mars 2024

Umukenyezi mu Burundi afise inzitizi nyinshi zituma adaterera bikwiye mw’iterambere (M.L. Baricako)

Kuri uno munsi wahariwe abakenyezi kw’isi, umuhari Inamahoro uribaza koko ni yaba leta ifise ubushake ko umukenyezi agira ico aterereye mw’iterambere. Mw’itangazo uwo muhari wasohoye kuri uno wa gatanu, uvuga ko izina mwigeme asa n’uwahebwe, ugatanga akarorero k’ivyerekana ingene abigeme baheba amashure ku bwinshi bivuye kw’ivangura rifatiye ku gitsina, haba muhira canke kw’ishure. Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, aravuga izindi nzitizi, nko kwankira umukobwa gutorana mu muryango, canke kudaserukirwa bikwiye mu nzego zo hejuru.