Amakuru
15 mars 2021

Umukenyezi, isoko ry’iterambere kuri bose

Umukenyezi ni isoko ry’iterambere kuri bose. Ivyo vyashikirijwe na Jimmy Hatungimana, umukuru w’igisagara ca Bujumbura kuri uyu wa gatandatu uheze, aho Uburundi bwahimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe agateka k’umukenyezi. Jimmy Hatungimana yongeye avuga ko kino gihe, umukenyezi atakumiriwe mu mabanga y’igihugu.