Amakuru
3 juin 2022

Umukenyezi ageze mu zabukuru yarasinzikarijwe ubuzima mu ntara ya Ruyigi

Umugore w’imyaka irenga 60 aturuka muri komine Gisuru mu ntara ya Ruyigi yarahagaritswe n’Imbonerakure ziramusinzikariza ubuzima. Ivyo tubisanga mu cegeranyo c’Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi) co mu kwezi kwa Rusama 2022. Augustin Nimubona, ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, akadoma urutoke no ku yandi mabi akorwa n’izindi nzego. Akaboneraho no gusaba leta gukingira abanyagihugu.