Droits humains
25 novembre 2022

Umuhuza w’Abarundi ategerezwa kuba umuntu yizewe na bose, ashobora kwigenga

Aimée Laurentine Kanyana n’uwo yasubiriye mu kibanza c’umuhuza w’Abarundi, Edouard Nduwimana, barangwa n’inyifato y’abanyamugambwe uri ku butegetsi gusumvya uko bofatwa nk’abahuza b’Abarundi. Ivyo bibonekera mu vyagiye birabaranga mu mabanga bagiye barahabwa n’umugambwe CNDD-FDD. Aimée Laurentine Kanyana yamenyekanye cane mu kugira ubutungane bw’Uburundi igikoresho co guhasha uwo wese afise ivyiyumviro bitandukanye na CNDD-FDD, na yo Edouard Nduwimana yamenyekanye mu gukoreshwa gusambura imigambwe yitwaje ikibanza yari afise c’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu. Bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe Tournons la Page – Burundi. Akaba yabishikirije mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura » c’urunani rw’ibimenyeshamakuru Inzamba agateka kawe, RPA na Télévision Renaissance.