Amakuru
6 juin 2023

Umuhari Inamahoro wiyemeje guhamagarira Abarundikazi gushigikira amasezerano ya Arusha

Abarundikazi bategerezwa kuja hamwe bakarwanira ko amasezerano ya Arusha agaruka. Ako kamo kari mw’itangazo ryasohowe uno munsi n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, avuga ko vyapfunditswe mu nama y’iminsi itatu yakoranije i Kigali abakenyezi b’impunzi baba mu bihugu vy’akarere k’ubuseruko bwa Afrika. Iciyumviro c’iyo nama kikaba cavuye ku yandi manama abiri yabereye mu Bubirigi mu kwezi kwa kane aho hizwe ikibazo c’ayo masezerano. Ku bwa Marie Louise Baricako, amasezerano ya Arusha ni wo muti urama ku bibazo bihanze Uburundi.