Droits humains
14 décembre 2023

Umuhari Inamahoro usaba ingingo zifaditse kugira umukenyezi yubahirizwe

Ikibazo c’uburenganzira bw’abakenyezi gisa n’icashizwe inyuma y’ibindi bibazo, kuko ata kigaragaza ko kizohava kiba inkoramutima ku gihugu muri kazoza ka hafi. Ayo makenga akaba ashikirijwe mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’abakenyezi » gishikirizwa n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Jacqueline Habonimana, ari muri uwo muhari, asaba abantu bose bafise ico bokora mu gufata ingingo, guterera kugira abakenyezi b’Abarundikazi bashobore kwishira no kwizana.