Amakuru
24 septembre 2022

Umuhari Inamahoro usaba abategetsi gutsimbataza amahoro mu kwirinda gukumirana

Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, uhamagarira abarongoye igihugu kwama biyumvira guhuza Abarundi n’ukubanywanisha kugira bakumire ico cose coza kibacanishamwo. Akamo gatewe mu gihe kw’igenekerezo rya 21 Nyakanga uko umwaka utashe, isi yose ihimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe amahoro. Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, asaba Abarundi muri rusangi gusubira kwijukira gutsimbataza amahoro n’ubumwe.