Amakuru
23 septembre 2022

Umuhari Inamahoro usaba abahuza b’imitumba batowe kugendera indahiro yabo

Abategetsi b’Uburundi bategerezwa kutavanga ivya politike n’urwego rw’abahuza bo ku mitumba. Ako ni akamo k’Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Ni inyuma y’aho utunenge tutari duke dushizwe ahabona n’abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, bavuga ko harimwo kwankirwa kwitoza. Bikaba bivuzwe mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi » c’umuhari Inamahoro. Jacqueline Habonimana, ari muri uwo muhari, asaba abahuza b’imitumba batowe, kugendera indahiro yabo.