Amakuru
30 décembre 2023

Umuhari Inamahoro uriyamiriza ivyo umukuru w’Igihugu Ndayishimiye yagiriza Urwanda

Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, ubona ko imvugo y’umukuru w’Igihugu Ndayishimiye yo kwagiriza igihugu kibanyi c’Urwanda ko gishigikiye umuhari RED-Tabara, ari icitwazo kidafashe. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, asigura ko ari uburyo bwo kwanka kwemanga uruhara rw’ubutegetsi bw’igihugu, bagashima kwegeka amakosa ku bandi, ivyo na vyo ngo nta muti bishobora kuzanira igihugu.