Amakuru
29 septembre 2021

Umuhari Inamahoro uriyamiriza ibikorwa vy’iterabwoba, ugahamagarira leta gukingira abanyagihugu

Nta mvo n’imwe ishobora gusigura ubwicanyi buriko burabera mu Burundi. Uko niko umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, werekana umubabaro wawo kuri ayo mabi. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, akibaza ico abakora ubwo bwicanyi bahora abanyagihugu. Ati mu Burundi nta mahoro ariyo kandi ngo ubwo bwicanyi butagira insiguro ni iterabwoba bakiriko barakorera abanyagihugu. Agasaba leta y’Uburundi gukora uko ishoboye kugira ikingire abanyagihugu.