Amakuru
31 mai 2023

Umuhari Inamahoro uriyamiriza amajambo afatiye ku rwanko ashikirizwa n’abanywanyi ba CNDD-FDD

Harakenewe inyigisho zihutirwa zikura urwanko mu mitima y’abafise ubutegetsi kuva hejuru gushika hasi. Akamo gaterwa n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Ni inyuma y’amajambo aherutse gushikirizwa n’umwe mu ndongozi z’umugambwe CNDD-FDD ku mutumba Gihungwe, komine Gihanga mu ntara ya Bubanza, agabisha uwo wese azokotesha inzu yiwe ku mugambwe CNL ko azobihanirwa vy’akarorero. Amajambo ahagaritse umutima uwo muhari. Ku bwa Marie Louise Baricako awurongoye, ayo majambo ahamagarira abantu kwinubana ashikana ku bikorwa vyo gukorera ikibi uwundi.