Amakuru
29 septembre 2022

Umuhari Inamahoro urasaba irekurwa ry’umushingwamanza Sandra Ndayizeye

Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, urasaba irekurwa ry’umushingwamanza Sandra Ndayizeye n’abandi bose bapfunzwe muri dosiye y’ibitaro Kira. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, atera akamo umukuru w’Igihugu gushira mu bikorwa amajambo adasiba kuvuga, maze agasuzuma neza ubutungane n’agateka ka zina muntu avuga y’uko biriko birubahirizwa.