Isi yose irahimbaza ku wa 11 Gitugutu, umunsi wahariwe umwigeme. Mu Burundi, ngo haracibonekeza ubusumbasumbane hagati y’abana b’abahungu n’abakobwa. Ivyo vyose ngo biva ahanini ku kutamenya. Bivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Mw’itangazo washize ahabona, uwo muhari urashima utwigoro twa leta mu guha agaciro abigeme, ugahamagarira n’abigeme ubwabo gufatana mu mugongo kugira bashobore kwerekana ico bashoboye mw’iterambere ry’igihugu.
Amakuru
11 octobre 2022