Amakuru
25 novembre 2022

Umuhari Inamahoro uranegura amajambo aherutse gushikirizwa n’uwurongoye CNDD-FDD mu vy’indero

Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, urahagaritswe umutima n’imvugo iherutse gukoreshwa n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, ko inyigisho zitangwa mw’ishure ata kamaro zifitiye abanyeshure. Mw’isekeza ry’uwo muhari ryigisha ku burenganzira bw’abakenyezi, Jacqueline Habonimana, ari muri uwo muhari, avuga ko bibabaje kubona ayo majambo ava mu kanwa k’umutegetsi akongera akaba indongozi mu mugambwe uri ku butegetsi. Ahamagarira nyabuna leta kwitaho bimwe biboneka igisata c’indero mu Burundi ku neza y’iterambere ry’ico gisata hamwe n’iry’abanyagihugu.