Amakuru
14 octobre 2021

Umuganwa Ludoviko Rwagasore niwe karorero mu kwubahiriza agateka k’abakenyezi

Rwagasore niwe yatanguye guharanira agateka k’umukenyezi w’Umurundikazi. Bivugwa na Catherine Mabobori, ari mu mashirahamwe aharanira agateka k’abakenyezi. Mu mwaka w’1961, umuganwa Ludoviko Rwagasore niwe yaharananiye ko abakenyezi bagira uburenganzira bwo gutora no kwitoza mu gihe henshi mu bindi bihugu abakenyezi batari bafise ubwo burenganzira. Ikindi Rwagasore yafashije abakenyezi, ni kubashiriraho umuhari w’abakenyezi b’Abarundikazi UFB, baza baraseruriramwo ivyiyumviro vyabo.