Amakuru
14 octobre 2022

CNDD-FDD ifata incungu y’ukwikukira nk’umuntu yabona kure

Umuganwa Ludoviko Rwagasore yasigiye Abarundi iragi ry’ubutwari, ubumwe, gusubiza hamwe, gukunda igihugu hamwe n’iterambere. Ku bwa Joseph Ntakarutimana, icegera c’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, ngo Rwagasore yari umuntu abona kure. Kuri we kandi, avuga ko kahise k’uwo muhisi kari gakwiye kwigishwa mu mashure yose kuko yibaza ko abana b’ubu batoba bazi uwari we umuganwa Ludoviko Rwagasore. Ivyo akaba yabivuze mu gihe ejo hahise itariki 13 Gitugutu, Abarundi bariko bibuka imyaka 61 iheze uwo muganwa agandaguwe.