Amakuru
13 octobre 2022

Rwagasore yagandaguwe n’abo batavuga rumwe muri politike bari bashigikiwe n’Ububiligi

Rwagasore yagandaguwe kubera ingorane za politike zari hagati y’umugambwe UPRONA na PDC y’ico gihe. Bivugwa na Louis Jaspers, yahora ari icegera c’uwutwara Uburundi igihe c’intwaro y’abakoloni. Umugambwe UPRONA wa Rwagasore warondera ukwikukira kwihuta, mu gihe PDC ya Birori na Ntidendereza yarondera ukwikukira, ariko mu myaka iri imbere. UPRONA itsinze amatora bikaba bitanezereye aba PDC Bari bacuditse n’Ababiligi.