Amakuru
15 février 2023

Umugambwe RDB usaba leta gushiraho politike y’ugushinga n’ugutanga akazi

Umukuru w’Igihugu yategerezwa kwiyumvira gutunganya politike ijanye n’ugushinga hamwe n’ugutanga akazi akareka kwita abatagira ubuzi ko ari ibinebwe. Bivugwa n’uwurongoye umugambwe w’Ihuriro ry’Abarundi baharanira intwaro rusangi (RDB.) Jérémie Minani yibutsa Evariste Ndayishimiye kw’i Buraya amaleta yaho ashigikira n’abadafise ubuzi ku mvo zitandukanye. Jérémie Minani ahamagarira umukuru w’Igihugu kubanza kwitunganya mu bijanye na politike igasubira igafata inzira nziza.