Amakuru
12 avril 2022

Umugambwe FNL urasaba ubutungane ku munywanyi wawo yagandaguwe muri komine Gisuru

Ubutungane burasabwa gukora amatohoza kugira abagandaguye uwahora arongoye umugambwe FNL muri komine Gisuru mu ntara ya Ruyigi bamenyekane. Bivugwa na Jacques Bigirimana, arongoye uwo mugambwe. Hari mu nama yagirishije abarongoye uwo mugambwe mu makomine yose agize intara ya Ruyigi kuri uyu wa gatandatu uheze. Jacques Bigirimana agasaba ko abakoze iryo bara bohanwa vy’akarorero.