Amakuru
8 juillet 2021

Umugambwe CNL uriyamiriza ihagarikwa ry’agasakisaki ririko rirakorerwa bamwe mu banywanyi b’uwo mugambwe hamwe n’abahoze mu gisirikare ca kera

Umugambwe CNL uriyamiriza ihagarikwa ry’agasakisaki ririko rirakorerwa bamwe mu banywanyi b’uwo mugambwe hamwe n’abahoze mu gisirikare ca kera bita aba ex-FAB mu ntara za Muramvya na Mwaro. Aimé Magera arongoye uwo mugambwe wa Agathon Rwasa mu bihugu vya Buraya, akamenyesha ko ivyo bikorwa mw’ijoro kandi bikorwa n’urwaruka rw’Imbonerakure. Agasaba umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD kwubahiriza abari mu yindi migambwe.