Amakuru
5 juillet 2023

Umugambwe CNDD-FDD wigenza nk’uko abakoloni bigenza bagitwara Uburundi

N’aho haheze imyaka 61 Uburundi buronse intahe yo kwikukira, hari bimwe mu vyaranze intwaro y’abakoloni vyababaje Abarundi bicibukwa. Muri vyo, harimwo imvugo ya « Zana amagi zana amasoro » yakoreshwa n’abatware b’Abarundi bariko begeranya utuganuke bashira ba Sebuja ari bo bazungu. Abarundi rero n’aho babitanga, ntibaba banezerewe. Muri kino gihe gutekerera utuganuke turimwo ibitungwa n’ibifungurwa umukuru w’Igihugu n’abanyagihugu kuriko kuraba akamenyero.

Mbega iyo ngendo yoba ifatwa gute n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi ?